Uburusiya: Tuleyev yatanze imihoho inyuma y'umuriro wa Kemerovo

Benshi mu baguye ku mangazini Winter Cherry ni abana Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Benshi mu baguye ku mangazini Winter Cherry ni abana

Bulamatari w'intara ya Kemerovo mu Burusiya, Aman Tuleyev yatanze imihoho inyuma yaho umuriro wadutse wiciye abantu 60 mu kibanza abanyagihugu basumiramwo.

Aman Tuleyev yavuze ko gukinjura "bikwiye, ko bivuye ku mutima, ko ari ingingo ikwiriye" uravye ivyo vyago vyabaye.

Yashikirije ivy'iyo ngingo yafashe mu buryo bwa video, yashize ku mbuga ngurukanabumenyi y'uburongozi bw'akarere.

Umuriro wo mu kwezi guheze wishe abantu barenga 60, benshi muribo bakaba bari abana.

Abanyagihugu ibihumbi barakoze imyiyerekano kubera iyo mpanuka, nuko iyo mangazini ya Winter Cherry itakoze ibikwiye bituma abantu batayigwamwo.

Abakoze amatohoza bavuga ko inkengeri iburira abantu ko umuriro wadutse itakora, aho abantu basohokera igihe c'umuriro naho haba harugaye - abajewe umutekano bari gufasha abanyagihugu gusohoka biruka mu bambere.

Abana benshi ngo bapfuye kuberako bari kw'igorofa ya nyuma bariko barakina, abandi bariko baraba isinema umuryango wugaye.

Abakora itohoza bariko baraba niba uwo muriro woba wavuye ku kibazo c'umuyagankuba, canke ko hoba hari uwawakije.

Prezida Vladimir Putin - yaratembereye Kemerovo kwirabira ivy'uwo muriro - avuga kw'iryo sanganya ryaturutse ku gusamara.

Bwana Tuleyev - yaburiye umwishwa w'umukobwa mu mpanuka y'uwo muriro - yari bulamatari w'iyo ntara icukugwamwo ibizuku kuva mu 1997, nkuko amakuru y'itororokanirizo AFP avuga.

Ibindi bisa n’ibi