Botswana iramutswa umukuru w'igihugu mushasha

Prezida mushasha Mokgweetsi Masisi (i bubamfu) Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida mushasha Mokgweetsi Masisi (i bubamfu)

Umukuru w'igihugu mushasha wa Botswana , Mokgweetsi Masisi, yarahijwe mu birori vyabereye ku mugwa mukuru Gaborone.

Uwo mugabo yahora ari icegera c'umukuru w'igihugu yasubiriye Ian Khama yatanze imihoho ku munsi wa Gatandatu, amaze imyaka cumi arongora igihugu.

Amatora ategekanijwe mu mwaka uza, muri ico gihugu ca kabiri kw'isi gifise amabuye y'agaciro yo mu bwoko bwa "diamant".

Muri ivyo birori vyarimwo imvyino be n'intambo ndangamuco, Prezida Mokgweetsi Masisi yarahiranywe iteka ryinshi mu gihe igihugu ca Botswana cari gisubiye kwereka amakungu ko ubutegetsi bushobora guhererekanwa mu buryo busanzwe no mu mahoro.

Umuprezida yahora ku butegetsi Ian Khama, yaramaze iminsi yiwe ya nyuma asezera abanyagihugu, bamushikaniye utuganuke turimwo inkoko n'imiduga.

Abatamuha ni rwere bavuga ko yatwaza igikenye.

Botswana irakezwa mu gukoresha neza ubutunzi buturuka kuri "diamant", ariko Prezida Masisi yavuze ko hatakozwe ibikwiye ngo haboneke ibindi bifasha kuzamura ubutunzi.

Yavuze ko agiye kwicarira ikibazo co kuronderera akazi urwaruka, akaba yagishize ku rutonde rwa mbere.

(Uwo mukuru w'igihugu mushasha yiyemeje kugwanya inzoga zikaze, ibiyovyabwenge hamwe n'ingeso y'ibiturire.)

Ibindi bisa n’ibi