Israeli yahagaritse umugambi wo kwirukana impunzi

Umugambi wo guhungura impunzi ku nguvu watumye haduka imyiyerekano muri Israeli Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umugambi wo guhungura impunzi ku nguvu watumye haduka imyiyerekano muri Israeli

Igihugu ca Israeli cahagaritse umugambi wo kwirukana impunzi z'abanyafrika inyuma yaho ipfundikiye amasezerano n'umuryango mpuzamakungu Onu ku bijanye na kazoza kazo.

Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, vyavuze kw'ishirahamwe ryitaho impunzi HCR rizopfundika amasezerano n'ibihugu vya Buraya ngo vyakire abimukira 16000, mu gihe Israeli yemeye guha ivyangombwa abazoba basigaye.

Ivyo bihugu bivugwa bigizwe na Canada, Ubutaliyano hamwe n'Ubudagi, niko Bwana Netanyahu yavuze.

Abashika 16000 bandi ngo bazoronswa uburenganzira bw'ikiringo kidahera bwo kuba mu gihugu ca Israel, niko yavuze.

Sentare Ntahinyuzwa ya Israeli yarahagaritse ugutahukana ku nguvu impunzi, kwategerezwa gutangura ku munsi wa Mungu.

Umugambi wo kurungika abimukira mu bihugu vya Afrika - bivugwa ko vyari Ubuganda n'Urwanda - wariyamirijwe n'abagwanira amateka muri Israeli bituma haduka imyiyerekano mu gihugu.

Uwo mugambi mushasha uzorangugwa ku kiringo c'imyaka itanu.

Ibihugu vya Canada, Ubutaliyano n'Ubudagi ntibiremeza ku mugaragaro ko bizoja muri uwo mugambi.