Afrika y'epfo yabuze Winnie Mandela yashengeye afise myaka 81

Winnine Mandela Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Winnie Mandela yabonwa nk'intwaro y'ubwigenge bw'Abirabura muri Afrika y'epfo

Umukenyezi yagwanije intwaro karyanishamiryango ya "apartheid", Winnie Mandela yitavye Imana ageze ku myaka 81, niko umufasha wiwe yavuze.

Winnie Madikizela Mandela yari umugore w'umuperezida wa mbere w'umwirabure wa Afrika Yepfo, Nelson Mandela.

Yinjiye mu vya politike mu kiringo c'imyaka 27 umugabo wiwe Nelson Mandela yamaze apfunzwe, akaba yarigeze gufatwa nk'umuvyeyi w'igihugu.

Yarigeze kumara igihe asa n'uwupfunzwe ari wenyene, ari mu minwe ya leta y'inkehwa z'abazungu.

Ntibishobora gukina mu cuma cawe
Menya ibyaranze ubuzima bwa Winnie Madikizela Mandela yitabye Imana ku myaka 81

Yaragiye mu ngorane zitandukanye nk'igihe abamushigikiye bica abantu babambitse amapine mw'izosi, ico bise "necklacing".

Mu 1991 yaragirijwe kuba yanyuruje uwitwa Stompei Moeketsi - yahavuye atogwa yapfuye.

Urugo rwiwe na Nelson Mandela rwahavuye rusenyuka inyuma yaho apfunguriwe, mu nyuma batandukana mu 1996.

Ibindi bisa n’ibi