Ingurane yo kwiga ku banyeshure ba kaminuza mu Burundi

Abanyeshure bo kw'ishure nderabigisha rya ENS i Bujumbura
Image caption Abanyashure bavuga ko batarasigurirwa neza ivy'iyo ngurane

Mu Burundi baramaze gutanguza umugambi mushasha wa reta wo gutanga ingurane ku banyeshure bo muri za kaminuza, bakazoyiriha barangije amashure binjiza amafaranga.

Ku munsi wa mbere kaminuza nderabigisha, ENS, yarakiriye umugwi wa mbere w'abanyeshure bazokwiga ku ngurane.

Umuyobozi w'iyo kaminuza Nusura Hassan amenyesha ko hazotangwa ibihumbi 60 (ama dolari 24) ku munyeshure umwumwe ku kwezi.

Kuva uyu mwaka, abanyeshure bagiye kwakirwa muri za kaminuza n'abazokurikira, bose bazokwiga ku ngurane.

Kare reta yahora itanga agafashanyo k'ama dolari 12 ku kwezi, ivyo rero bikaba bitazosubira kuvugwa.

Abanyeshure bashasha bariko barakirwa n'ishure nderabigisha ENS barenga gato 800.

Umuyobozi w'iyo kaminuza Nusura Hassan, asigura ko abakeneye iyo ngurane bazobanza gushira umukono ku masezerano aho bazokwemanga ko bayikeneye bakaniyemeza ko bazoyisubiza.

Yagize ati: "Umunyeshure wese azohabwa ibihumbi 60 vy'amafaranga y'amarundi. Ayo mafaranga bazoheza bayarihe baranginje amashure.

"Ubiravye harimwo akarusho ugereranije n'uko vyahora kuko kare bahora bahabwa ibihumbi 30 000.

"Ayo mahera yari make uravye ivyo bakenera. Nibaza ko ubu bazohatorera akoyoko".

Image caption Mbere abanyeshure baronswa agafashanyo k'amadolari 12

Nta nsiguro zikwiye

Abanyeshure barabwa n'iyo ngingo bavuganye na BBC bamenyesha ko batarayisigurirwa neza.

Basaba reta ko yobanza igashira imbere politike yo kubaha akazi kugira bazoshobore kuronka ingene bariha.

Umwe mu banyeshure avuga ati: "Twebwe twagiye tuvyumva ku mbuga ngurukanabumenyi. Ntavyo baradusigurira. Ariko twizeye ko reta izoduha akazi kuko ntawogurisha itongo na rirya tuva mu miryango ikenye".

Kwishura 10% ku kwezi

Itegeko nshikiranganji riherutse gushirwako umukono n'umushikiranganji w'indero, Janvière Ndirahisha, ritegekanya ko umunyeshure wese azoba yize ku ngurane, azoyiriha ari uko aronse akazi.

Ako kazi ni akariko kose, kaba ako ahawe na reta canke ako yirondereye ku giti ciwe kamwinjiriza amafaranga.

Iryo tegeko rivuga ko mukuriha, uwahawe ingurane azogenda arariha 10 % ku kwezi.

Ikindi iryo tegeko rivuga ni uko umunyesherure azosubiramwo umwaka incuro zibiri zikurikirana mw'ishure rimwe, azoca atakaza uburenganzira bwo guhabwa ingurane.

Ibindi bisa n’ibi