Uwahoze atwara Brezil, Lula Da Silva, azopfungwa imyaka 12

Abashigikiye Lula Da Silva hanze ya sentare ntahinyuzwa muri Brezil 04/04/2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abashigikiye bwana Da Silva bavuga ko demokrasi yahonyanzwe

Sentare ntahinyuzwa muri Brezil yamenyesheje ko uwahoze atwara ico gihugu, Luiz Inacio Lula da Silva, ategerezwa gupfungwa imyaka 12, igihano yahawe ahamwe n'icaha co kurya igiturire.

Nyuma y'amasaha arenga cumi hari impari ku vy'amategeko, abacamanza banse ku majwi atandatu kuri atanu, ko Lula yoguma yidegemvya mu gihe humvirizwa urubanza rwunguruje nk'uko yabisavye.

Iyo ngingo ishobora kubangamira kwitoza kwiwe mu matora y'umukuru w'igihugu yo mu kwezi kwa cumi, mu gihe bivugwa ko afise amahirwe menshi yo kuyatsinda.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Biravugwa ko uwahoze atwara Brezil, Luiz Inacio Lula da Silva, ari afise amahirwe yo gutsinda amatora mu kwezi kwa cumi

Uru rubanza rwaciyemwo kubiri igihugu ca Brezil, abarwanya Lula bakaba baciye batangura kwigina baturitsa ivyaka umuriro.

Abamushigikiye bobo vyabababaje cane bidoga bavuga ko demokrasi ihejeje guhonyorwa mu gahanga.

Ibindi bisa n’ibi