Rurangiranwa wa filime z'igihindi, Salman Khan, yakatiwe igipfungo

Salman Khan Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Salman Khan yarejejwe mu 2015 ku caha co kugonga umukene ntaho nikora agahwera

Umukinyi rurangiranwa wa filime z'igihindi, Salman Khan, yakatiwe gupfungwa imyaka itanu ahamwe n'icaha co kwica inyamaswa zikingiwe, haciye imyaka 20.

Yahamwe n'icaha co guhiga kandi bibujijwe imparage zibiri zo mu bwoko bwa blackbuck mu congereza, mu ntara ya Rajasthan iri mu burengero bw'Ubuhindi, aho yari yagiye gukina filime.

Amajana y'abapolisi bari bashizwe hanze ya sentare mu muji wa Jodhpur kugira bagumize hamwe abakunzi biwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abapolisi benshi bari hanze ya senare kugira bagumize hamwe abakunzi ba Salman Khan

Abandi bakinyi ba filime bane bari kumwe bagirijwe ivyaha bito baciye barekurwa.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri 2015, Salman Khan yahanaguweko icaha co kugonga umuntu akamusiga mw'ibarabara, ico gihe umuntu w'umukene ntaho nikora akaba yarahasize ubuzima.

Soma kandi:

Ibindi bisa n’ibi