Indwara z'imibembe n'igituntu ziracateye ikibazo mu Burundi

Ndimubandi Asha avuga ko aherutse kuvurwa ingwara y'imibembe arakira
Abantu 7.900 bashizwe ku miti y'imibembe n'igituntu mu mwaka uheze wa 2017 mu Burundi mu gihe iyi ngwara iri mu icyenda zica cyane.
Abandi bagera kuri 400 bapimwe ingwara y'imibembe muri ico kiringo nyene. Vyashikirijwe kuri uno wa kane igihe Uburundi bwahimbaza imisi mpuzamakungu yahariwe kugwanya izo ngwara.
Nk'uko muganga Thadée Ndikumana avugira ubushiranganji bw'amagara y'abantu abimenyesha, iyo misi uko ari ibiri bashimye kuyihimbariza hamwe kubera umugambi wa reta ugwanya igituntu n'imibembe ari umwe.
Abavugwa barashima
Bamwe mu bahora bagwaye imibembe baherutse gukira barashima ko ubu mu kibano uwugwaye atagifatwa nabi nka kera.
Ndimubandi Asha ni umwe muri bo aturuka mu ntara ya Cibitoke, akaba yabwiye BBC ati: "Mu gufatwa nabonye haza amabara ku mubiri ugasanga muri ayo mabara harimwo ibinyanya.
"N'aho ihwa ryanzibura sinumva na kimwe. Naciye nyarukira kwa muganga barankurikirana none narakize ubu mbere ndubatse n'urwanje ndafise n'abana. Nta muntu yigeze amfata nabi canke nk ankumire kubera iyo ngwara."
Njebarikanuye Adolphe nawe amaze amezi ari ku miti y'imubembe. Yagize ati: "Ngifatwa narakorora, ndacika intege, nkabira icuya ncinshi mw'ijoro, ndata ibiro cane rwose, nkabura n'akayabagu ko gufungura. Ariko ubu kubera ndi ku miti ndatanguye gufungura."
Kuri uno wa Kane Uburundi bwahimbaje imisi mpuzamakungu yahariwe kugwanya imibembe n'igituntu
Muganga Thadée Ndikumana avugira ubushikiranganji bw'amagara y'abantu avuga ko ingwara y'igituntu n'imibembe zigwiriye cane mu ntara ziri ku mipaka y'ibihugu vya Tanzaniya na Repubulika Iharanira Demokarasi ya Kongo ngo kubera kenshi ari yo zizanana.
Yemeza ko mu Burundi mubazigwaye usanga harimwo abakongomani canke abahungutse bava muri Tanzania.
Avuga ko ubushikiranganji bw'amagara y'abantu bugiye gutangura umugambi wo kurondera abgwaye izo ngwara bose iyo bari mu gihugu kugira babajane kwa mu ganga mu ntumbero yo gukinga.