Sierra Leone : ''N'abarorerezi mpuzamakungu ntibashobora guhindura ivyavuye mu matora''

Abarorerezi bemeza ko bashimye ingene amatora yagenze muri rusangi Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Muri rusangi, abanyagihugu batoye mu mwidegemvyo.

Samura Kamara ava mu mugambwe uri ku butegetsi ntiyemera ivyavuye mu matora nayo Julius Maada Bio yatsinze akaba arazwe igihugu kigeze ahatemba mu vy'ubutunzi.

Samura Kamara, umwe mu bahiganywe mu matora y'umukuru w'igihugu muri Sierra Leone, yatsinzwe, ariko avuga ko agiye gukoresha amategeko mukw'iyamiriza ivyavuye mur'ayo matora. Avuga ko yarenganijwe.

Samura Kamara, yari yitoje ava mu mugambwe uri ku butegetsi (APC). Avuga ko intandaro ya vyose ari ingene amatora yatunganijwe, akanabonamwo, anahinyura uruhara rw'abanyamahanga muri aya matora.

Samura Kamara yahiganwa na Julius Maada Bio, umukukuruke mu gisirikare, ari nawe yatsinze mur'aya matora. Yatsinze ava mu batavuga rumwe na leta. Yarushije amajwi make cane uwo bahiganwa.

Julius maada Bio yaciye arahira inyuma y'isaha imwe gusa amenyekanye ko yatsinze amatora. Yarahiriye mur'imwe mu ma hoteli iri ku murwa mukuru w'ico gihugu.

Ko ''abanyagihugu baruciye'', ni amajambo ya John Dramani Mahama, umwe mu barorerezi bakuru mva makungu. Abo barorerezi bashikirije utunenge babonye mur'ayo matora, naho muri rusangi bavuga ko bashimye ingene ayo matora yagenze.

Sierra Leone ni kimwe mu bihugu bikenye kurusha ibindi mw'isi. Ubutunzi bw'igihugu buranyoganyoga, nayo igiturire cabaye nk'akaranda.

Ibindi bisa n’ibi