Jacob Zuma yarengutse muri sentare muri Afrika y'epfo

Uwahoze atwara Afrika y'epfo, Jacob Zuma

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Jacob Zuma avuga ko hari abariko bararondera agatwe kwiwe

Uwahoze ari umukuru w'igihugu ca Afrika y'epfo, Jacob Zuma, yarengutse muri sentare mu muji wa Durban ku vyagiriji vy'igiturire mu bijanye n'urudandazwa rw'ibirwanisho mu myaka y'1990.

Mu kwumvirizwa kwamaze umwanya muto, umucamanza yavuze ko urubanza rwimuriwe mu kundi kwezi.

Bwana Zuma yabogojwe ku butegetsi mu kwezi kwa kabiri, yagirizwa amagendo, ubunyonyezi hamwe no gushira mu mabanki amahera bitazwi iyo yaje azananye.

Nyuma y'ukwo kwumvirizwa, bwana Zuma yashikirije ijambo ryumvikanamwo ukwihagararako gukomeye, atangaza ko ari umwere kandi avuga ko hari abari kurondera agatwe kiwe.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abashigikiye Zuma mw'ijoro ryakeye bahuriye mu gikorwa co kumushigikira

Yavuze ko "abatunzi b'abazungu" ariko bari inyuma y'uku gukurikiranwa kwiwe mu butungane.

Uru rubanza rwari rwarahagaritswe mu 2009, ruca rusubira kuvyurwa ububasha bwiwe butanguye kugabanuka.