Abakinyi ba Hockey 14 ba Canada baguye mw'isanganya ry'imodoka

The Humboldt Broncos junior hockey team

Ahavuye isanamu, Humboldt Broncos

Insiguro y'isanamu,

Ifoto yashizwe ku rubuga rwa tweeter rw'uwo mugwi inyuma y'intsinzi yo ku wa 24 ukwezi kwa gatatu.

Igipolisi ca Canada cemeje ko abantu 14 bapfuye igihe ikamyo na bisi itwaye abakinyi bakiri bato ba hockey vyagongana ku musi wa gatanu ku mugoroba.

uwo mugwi wa Humboldt Broncos wariko uraca mw'ibarabara rya 35, mu buraruko bwa Tisdale mu ntara ya Saskatchewan.

Igipolisi ca Canada kivuga ko abantu 28 ari bari muri iyo bisi, 14 muri bo bapfuye harimwo n'umushoferi.

Abandi cumi na bane bajanywe mu bitaro kandi bararemvye cane.

Ku rubuga rwa tweeter, umushikiranganji wa mbere wa Canada, Justin Trudeau yanditse:" Biragoye gutegera ingene abavyeyi babo bamerewe ubu".