Ibigwanisho vy'ubumara vyishe abantu 70 muri Syria

A rescuer breathes through an oxygen mask after the attack on Khan Sheikhoun Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abantu bashika 80 bapfuye abandi benshi barakomerekera mu gitero c'i Khan Sheifhoun

Abantu boba bashika ku 70 biciwe mu gikekwa ko ari igitero c'ibirwanisho vy'ubumara i Douma, igisagara ca nyuma kikiri mu minwe y'abagwanyi, mu buseruko bwa Ghouta muri Syria nk'uko bivugwa n'abajejwe gutabara hamwe n'abaganga.

Abajejwe guttabara berekanye kuri tweeter amasanamu y'ibiziga biri mu nzu yo mu kuzimu.

Bavuga ko igitigiri c'abapfuye gishobora kwongerekana.

Nta nkuru ata ho zegamiye ziraboneka kuri ivyo bivugwa.

Ingwano yabujije abagiraneza kwinjira muri Ghouta

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA/SANA
Image caption Ibinyamakuru vya reta ya Syria bivuga ko abanyagihugu basanzwe bishwe abandi barakomeretswa n'ibikoho vya muzinga vy'abagwanyi mu micungararo ya Damas

Reta ya Syria ivuga ko izo nkuru z'ibitero hakoreshejwe ibirwanisho vy'ubumara ari "impimbano".

Amerika ivuga ko "hashobora kuba igitigiri kinini c'abahitanywe n'ico gitero", harimwo n'imiryango yari yarahunze.

Yavuze ko Uburusiya- busanzwe "bufashe mu mugongo ku mugaragaro" reta ya Syria - "bafise uruhara" muri ico gitero kivugwa.

Abatabazi barengewe mu ngwano iri muri Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP/Getty Images
Image caption Abasirikare ba reta bariko baratuza abagwanyi mu gisagara ca Douma