Lula yishikanye ku gipolisi muri Brezil

Luiz Inacio Lula da Silva leaves the steelworkers 'union in Sao Bernardo do Campo, Brazil April 7, 2018

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Lula yavuye mu nyubakwa y'urunani rw'abakozi i Sao Bernardo do Campo kugira yishikane ku gipolisi

Uwahoze arongoye igihugu ca Brezil Luis Inacio Lula da Silva yatanguye igipfungo ciwe c'imyaka 12 inyuma yo kwishikana ku gipolisi yagirizwa kurya igiturire.

Ivyo abikoze inyuma y'imisi ibiri yinyegeje mu nyubakwa y'urunani rw'abakozi, aho yari yanse kwishikana ku gipolisi nk'uko senatre yari yabimutegetse.

Uwo mugabo w'imyaka 72 yasohotse mu biro vyiwe mu gisagara avukamwo, hagufi ya Sao Paulo, aca ajanwa n'imodoka z'igipolisi.

Abantu isinzi bamushigikiye bari batangiriye imodoka arimwo kugira ntive muri ico kibanza.

Lula aguma avuga ko ari umwere, ariko ko ashobora kwubahiriza umutahe wo kumuhagarika.

Ahavuye isanamu, AFP/Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Lula yajanywe ku cicaro gikuru c'igipolisi i Curitiba na kajugujugu.

Yajanywe na kajugujugu y'igipolisi mu bumanuko bw'igisagara ca Curitiba aho agiye gutangurira igipfungo ciwe.

Abari mu myiyerekano yo kumushigikira barashe mu kirere ibintu biturika igihe kajugujugu yariko iruruka, abapolisi bakaba barashe ivyuka bikoroza amosozi kugira babashwiragize.

Igisata kijejwe kurwanya umuriro w'icaduka kivuga ko abantu umunani bakomeretse bukebuke, umwe muri bo akaba yakomerekejwe n'urusasu rutica.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Abagwanya Lula bari bamurindiriye kugira berekano umunezero bafise ko yafashwe

Lula ni we yahabwa amahigwe yo gutsinda mu matora y'umukuru w'igihugu yimirije mu kwezi kwa cumi, ipfungwa ryiwe rikaba ritumye abasigaye bose bahiganwa ata we batinya.