Ubudagi: Igipolisi c'i Muenster kivuga ko hataramenyekana icatumye haba igitero

A policeman stands guard in Muenster after Saturday's van attack Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Igipolisi kiriko kirita ku rutare mu kurondera impamvu y'igitero c'imodoka co ku musi wa gatandatu

Igipolisi c'Ubudagi kivuga ata "kimenyetso" cerekana icatumye haba igitero c'imodoka ku musi wa gatandatu i Muenster.

Bariko baragira amatohoza mu "nzira zose zishoboka", nk'uko bimenyeshwa n'umushikirizamanza mukuru wo muri ico gisagara co mu buraruko bushira uburengero bw'Ubudagi, Martin Botzenhardt.

Ku wa gatandatu, abategetsi ko ico gitero cakozwe n'umudagi yaciye yirasa ariyica, kidafitaniye isano n'abitwaza idini rya Islam.

Igipolisi kandi casanze abantu babiri biciwe muri ico gitero ari umutamakazi w'imyaka 51 hamwe n'umutama w'imyaka 65.

Ubudagi: Ingingo nshasha zo kugwanya iterabwoba

Umunye Tunisia 'yoba ari we yagize igitero i Berlin'

Uwo mupfasoni yaba hagufi ya Lueneburg mu buraruko bw'igihugu, mu gihe uwo mugabo yava i Borken hagufi ya Muenster.