Uganda yemeye kwakira impunzi zizorungikwa na Isiraheli

Abimukira bari mu myigargamvyo yo kwanka kwirukanwa na Isiraheli, mu kwezi kwa kane 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kwirukana impunzi z'Abanyafrika bigirwa na Isiraheli vyiyamirizwa na benshi

Leta ya Uganda yatangaje ko yemeranye na Isiraheli kwakira n'imiburiburi impunzi 500 zisanzwe ziba muri Isiraheli, zavuye mu bihugu vya Eritrea na Sudani.

Umushikiranganji ajejwe impunzi Musa Ecweru, yabwiye ibigo vy'itangazamakuru kw'iyo ngingo yafashwe biturutse ku vyasabwe na leta ya Isiraheli.

Yavuze ko impunzi 500 zemeye kwimurigwa muri Uganda, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC akorera i Kampala yavuze.

Bwana Ecweru yongeye avuga yuko izo mpunzi arizo zonyene zisabiye kuja muri Uganda, ivyo ngo bikaba biteye kubiri n'ivyari bimaze iminsi bivugwa.

Abari bamaze kuronka ivyangombwa vyo kwitwa impunzi muri Isiraheli, ngo nibo bazokwakirwa.

Bamaze gushika, ubutegetsi ngo buzosuzuma niba bakwiye guhabwa ubuhungiro, ababishimye batore kuba mu makambi canke mu bisagara.

Igihugu ca Uganda kiri mu bihayagizwa mu makungu mu kwugururira imiryango impunzi, muri kino gihe kikaba gicumbikiye impunzi umuliyoni 1.4 ziva mu bihugu bibanyi n'ahandi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihugu ca Uganda kiri mu bihayagizwa mu makungu mu kwugururira imiryango impunzi

Abaherutse kuhahungira bavuye mu buraruko bushira ubuseruko bwa Congo.

Mu ntango ya kuno kwezi, leta ya Isiraheli yarivuguruje, ihagarika amasezerano yari yagiranye n'ikigo ca ONU citaho impunzi.

Umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu, yari yamenyesheje ko HCR yemeye kuronderera ubuhungiro impunzi 16000, Isiraheli nayo igaha ivyangombwa abandi bangana uko nyene.

Ibihugu vya Canada, Ubutaliyano n'Ubudagi ngo vyari mu vyemeye kwakira izo mpunzi.

Ayo masezerano akaba yabaye arahagarikwa.

Ibindi bisa n’ibi