Abatohoza ku birwanisho vy'ubumara bemerewe kwinjira i Douma

Abanyagihugu bariko baratembera hagufi y'ahavugwa ko hagizwe igitero c'ubumara i Douma ku musi wa Mungu, inyuma y'indwi imwe ico gitero kibaye Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abanyagihugu bariko baratembera hagufi y'ahavugwa ko hagizwe igitero c'ubumara i Douma ku musi wa Mungu, inyuma y'indwi imwe ico gitero kibaye

Abagira amatohoza ku bigwanisho vy'ubumara muri Syria bazemererwa kwinjira mu karere kavugwa ko kagizwemwo ibitero vy'ubumara ku musi wa gatatu, nk'uko bimenyeshwa n'Uburusiya.

Uwo mugwi mvamakungu uri muri ico gihugu kuva ku musi wa gatandatu, ariko nturemererwa kwinjira i Douma.

Ico gitero co kw'itariki 7 z'ukwezi kwa kane catumye haba igitero kuri reta ya Syria kigizwe na Amerika, Ubwongereza n'Ubufaransa inyuma y'indwi imwe ico gitero kibaye.

Syria n'Uburusiya bubafashe mu mugongo barahakanye bararengwa ko ata gitero c'ubumara cabaye, aho Uburusiya mbere bwavuga ko ibivugwa ari "ivyateguwe".

Kare cane ku wa kabiri, ikinyamakuru ca reta ya Syria cavuye ko abasirikare bagwanira mu kirere bavuze ko bahanganye bikomeye n'ibitero vyo mu kirere co mu burengero bw'igisagara ca Homs.

Igisirikare ca Syria coba cimirije kwigarurira Ghouta yo mu buseruko?

Ingwano ikomeye muri Syria yatumye abantu bahunga ari benshi

Ivyo bisasu vyari bitumbereye ikambi z'abasirikare bagwanira mu kirere ba Shayrat ariko ntibavuze abakoze ivyo bitero.

Image caption Abagizweko ibitero vy'ubumara muri Syria

Izindi nkuru ziva mu bagwanyi bafashwe mu mugongo na Iran-Hezbollah zivuga ko ibirwanisho vyo kwikingira ibitero vyo mu kirere vyakoroye ibisase bitatu vyari bije bitumbereye abasirikare bagwanira mu kirere b'i Dumair, mu buraruko bushira ubuseruko bw'umugwa mukuru Damas.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bwo kwivuna abansi yabwiye Reuters: Nta gikorwa na kimwe ca gisirikare ca Amerika kiriko kirabera muri ako karere muri iki gihe.