Abashingamateka muri Amerika bemerewe kujana impinja ku kazi

Umukenguzamateka Tammy Duckworth avuga ko ubuvyeyi atari ikibazo c'abagore gusa Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukenguzamateka Tammy Duckworth avuga ko ubuvyeyi atari ikibazo c'abagore gusa

Inama nkenguzamateka ya Amerika yemeje amategeko mashasha arekurira abagize inama kujana impinja mu mirimo.

Ivyo bibaye haheze indwi umupfasoni Tammy Duckworth abaye umukenguzamateka wa mbere wa Amerika, yibarutse ari mu kazi.

Yari yashikirije amakenga ingene agiye kwitaho uruhinja rwiwe rw'umukobwa, kandi ategerezwa kubandanya akora.

Abakenguzamateka bavuze ko bakwiye gutanga akarorero, bagashiraho amategeko yorohereza imiryango.

"Nipfuza gushimira bagenzi banje bo ku mpande zose, na cane abari mu burongozi n'abari mu gisata c'amategeko, mu gufasha kuzana inama nkenguzamateka mu kinjana ca 21, ikemera ko rimwe na rimwe abavyeyi bashasha bashobora kugira ibibafatira bari ku kazi," niko Madamu Duckworth, umu "démocrate" wo muri Illinois yavuze mw'itangazo.

Uwufise ububasha kw’isanamu Twitter Tammy Duckworth
Image caption Tweet ya Tammy Duckworth

Uwurongoye umugwi ujejwe amategeko mu nama nkenguzamateka, Roy Blunt, yavuze ko kuba umuvyeyi bisanzwe bigoye, ko amategeko y'inama nkenguzamateka atarakwiye kubikomeza kurusha.

"Ndanezerejwe ko dushoboye kubishikako mu gukemura ibibazo vy'abavyeyi mu nama nkenguzamateka. Ndakeje umukenguzamateka Duckworth n'umuryango wiwe, nkaba nipfuza kubona vuba umukobwa wiwe," niko yavuze.

Madamu Duckworth, w'imyaka 50, yibarutse mu ndwi iheze umukobwa yise Maile - umwana wa kabiri - mu bitaro vyo muri karitiye ya Washington DC.

Abaye umwe mu bagore 10 yibarutse ari mu mabanga yashitseko atowe ku rwego rw'igihugu, mu gihe umwana wiwe wa mbere, Abigail, yavutse mu 2014 akora mu nama nshingamateka ya Amerika.