Mu Burundi batanguye gukura mu mabarabara abasegereza

Abo bana bo mu mabarabara ngo baragenda munyuma bakagaruka
Image caption Abo bana bo mu mabarabara ngo baragenda munyuma bakagaruka

Leta y'u Burundi yaraye itanguje igikorwa co gusubiza ku mitumba baturukako abana bo mw'ibarabara, eka n'abakuze bakora akazi ko gusega canke gusabiriza mu mabarabara y'igisagara ca Bujumbura.

Ico kibazo kirahanze Leta y'u Burundi bukaba mbere atari n'ubwa mbere abantu mwene abo batahukanywe iwabo, ariko inyuma y'iminsi mike ugasanga bagarutse.

Kuri uno wa gatanu habaye igikorwa co kwandika mu bitabo abaraye begeranirijwe mu bigo bababa 200, bakazoca batahukanwa mu ntango z'indwi itangura.

Image caption Abana bo mw'ibarabara bandikwa

Benshi mu bana bo mw'ibarabara bafise imyaka iri musi ya 10, baka bagizwe n'abaturuka mu micungararo y'igisagara ca Bujumbura n'abo mu ntara za ruguru.

Bamwe biboneka ko barungikwa gusega n'abavyeyi babo, nk'uko Nshimirimana Frank aturuka mu kanyosha asigura: "Mama wanje ntaronka ico atugaburira.

"Iyo ndonse amafaranga nca ndayamushira agaca asuma indagara, ifu n'amavuta agateka akatugaburira, papa wanje yarapfuye ».

Muri ubwo buzima urasangamwo abantu bakuze. Akimana aturuka i Bubanza afise abana batatu, akaba amaze imisi itari mike muri ubwo buzima, akemeza ko bamusanze aho akitse umusaya mw'ijoro ryakeye baca baramufata.

Yagize ati: "Twari turyamye mw'ijoro abapolisi baca bashika batuyora batwuriza imodoka. Jewe igituma ndi ngaha ni kubera ntagira uwumfasha. Ubu ndindiriye itike kugira nce nduga".

Kujaniranya

Ariko hari n'abagiriza igipolisi ko cajaniranije n'abatarimwo, nk'uko umusore twasanze aho bariko barandikira imyindondoro y'abafashwe avuga: "Jewe bamfashe mvuye kw'isoko yo mu Kinindo baca banyuriza imodoka.

Image caption Abana bamwe bamwe ngo barungikwa n'abavyeyi gusegereza

"Nari nzi ngo bamfashe kubera ntashe ijoro ariko ngeze ngaha numvise ngo ni ikibazo c'abana bo mw'ibarabara, jewe sindi umwana wo mw'ibarabara".

Bamwe mu Banyabujumbura bavuganye na BBC bipfuza ko gusega vyoranduranwa n'imizi mu gisagara ngo kubera biha isanamu mbi u Burundi.

Ikibazo abatari bake ubu bibaza ni ukumenya umukenyuro leta izokoresha kugira abo bantu ntibagaruke.

Mu mwaka uheze bari batahukanwye, ariko inyuma y'iminsi mike baciye bagaruka.

Gusegereza biterewa n'iki?

Mu runani rw'amashirahamwe aharanira ineza y'abana FENADEB, bipfuza ko hobanza kuba ivyigwa vyo kuraba ibitera iyo ngorane gurtyo bikabanza gutorerwa inyishu.

Umunyamabanga w'urwo runani, Ferdinand simbaruhije, avuga ko bidatumwa n'ubukene gusa.

Image caption Ferdinand Simbaruhije arongoye FENADEB

Yagize ati: "Kiretse ko hari abana baza mw'ibarabara kubera bataronka ico bafungura, hari abandi usanga ari nk'amakosa bakoze bagaca bomoka canke ugasanga umwana afise abavyeyi bataye ibanga ryo kurera.

"Abo bavyeyi bakama bagwana, ibi rero bigatuma umwana ata akomoka. Vyiza rero hobanza kuba ivyigwa vyo kumenya ibitera iyo ngorane kugira babikemure kugira abo bantu ntibace bagaruka".

Muntango y'indwi iza bazotangura kubatahukana, ariko kugeza ubu nta bitigiri bihari vyerekana abana bo mw'ibarabara n'abasega mu gihugu cose uko bangana.

Umushikiranganji w'agateka ka zinamuntu ajejwe ico kibazo avuga ko azogira ico ashikirije hanyuma.