Kwugara ibohero muri Uganda bishimwa n'abanenga leta

Igipolisi ca Uganda gifashe abakwa kwigaragamvya mu matora yo mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abaharanira agateka ka muntu muri Uganda bavuga ko hari ibibanze biberamwo gukubagura abantu

Abakuru b'abatavuga rumwe na leta muri Uganda hamwe n'abaharanira agateka ka muntu, bashima ingingo yo kwugara ibohero vyavugwa ko riberamwo ikubagura.

Ingingo yo kwugara iryo bohero yafashwe n'umukuru w'igipolisi mushasha aheruka kugendwa, Martin Okoth Ochola.

Benshi mu bapfungiwe ku biro vy'igipolisi vya Nalufenya mu buseruko bw'igihugu, barengutse muri sentare bigaragara ko bafise ibikomere.

Abandi bavuze ko bahaswe ibibazo babafatiyeko inkoho, babashira ku muyagankuba baranakubitwa bimwe bikomeye.

Abarongoye amashirahamwe y'abaharanira agateka ka muntu bavuga ko hari ibibanza vyinshi bizwi canke bitazwi bipfungirwamwo abantu, hakabera ibikorwa vyo gukubagura abantu, bagasaba ko navyo vyokwugarwa.

Ibindi bisa n’ibi