Isiraheli yasubiye kwica Abanyepalestine

Abanyepalestine mu myiyerekano ku rubibe rwa Isiraheli itariki 20/04/2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanyepalestine basubiye gukomereka no gusiga ubuzima mu myiyerekano

Abajejwe amagara y'abantu i Gaza bavuga ko abagabo babiri b'Abanyepalestine bishwe barashwe n'abasirikare ba Israel, ku nshuro igira kane y'imyiyerekano iba kuwa gatanu ku rubibe rwa Isiraheli.

Abandi Abanyepalestine babiri bivugwa ko bakomeretse igihe abasirikare ba Isiraheli bugurura umucanwa.

Abanyepalestine mirongo itatu na batandatu baramazwe kwicwa n'igisirikare ca Isiraheli kuva iyi myigaragamvyo yatangura.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare ba Isiraheli baramaze kwica Abanyepalesitne 36 kuva imyiyerekano yatangura

Kare, Isiraheli yakororeye impapuro i Gaza zigabisha abantu ngo ntibegere canke ngo bagerageze kurengana uruzitiro rw'umutekano, imbere y'uko imyigaragamvyo itangura.

Iyo myigaragamvyo igamije gushira igitsure kuri Isiraheli ngo ireke impunzi z'Abanyepalestine ngo zisubire mu butaka zahoramwo, ubu bwigaruriwe na Isiraheli.

Soma kandi:

Ibindi bisa n’ibi