Abagabo boba biteguye gukoresha imiti yo kuvyara ku rugero?

Udukingirizo ntidufasha kwikingira imbanyi ugereranije n'ubundi buryo bukoreshwa mu kuvyara ku rugero. Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Udukingirizo ntidufasha kwikingira imbanyi ugereranije n'ubundi buryo bukoreshwa mu kuvyara ku rugero.

Igihugu ca Kenya caragenywe kuba mu gihugu bizotanguriramwo igeragezwa ry'ibinini bifasha kuvyara ku rugero ku bagabo.

Ibindi bihugu biri muri uwo mugambi uretse Kenya ni Ubwongereza, Ubutaliyano na Chili, aho abagabo bategerezwa kuzoza baranywa ikinini kimwe mu kwezi.

Igisata kijejwe iterambere ry'ibibondo carakoze ikinini co gukangurira abagabo gukoresha uburyo bwo kuvyara ku rugero.

Bivugwa ko umugabo akoresha mwene ico kinini agabanya igitigiri c'imbuto z'umugabo mu masaha 72 no kugabanya ubushobozi bwo gutera imbanyi.

Vyitezwe ko iri geragezwa rimara imyaka ine, abahinga bakavuga ko uwu mugambi ukeneye ko ibitsina vyose bigiramwo uruhara kugira ushoboke ku bice 70 kw'ijana.

N'aho hari abakenya benshi bari bemeye gufata ico kinini, uwo mugambi ariko ntubonwa neza ku ruhande rw'imico n'imigenzo hamwe n'ingaruka y'iyo miti, aho bivugwa ko ubusambanyi bushobora kwiyongera.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP

Uburyo bwo kuvyara ku rugero bwatanguye gukoreshwa muri Kenya mu 1967, ibinini bikaba vyatanguye gukoreshwa cane mu 2004.

Abahinga mu magara ya bantu bavuga ko ivyo binini ari viza kandi ata ngaruka bifise ku bagabo mu gihe baba bariko barakora imibonano mpuzabitsina.

Ubushakashatsi bwamaze ukwezi kose mu kaminuza y'ubuvuzi ya Washington bwakozwe ku bagabo 83 bahejeje iryo geragezwa kw'ijana bari bari bahamagawe.

Abo bagabo bari bafise imyaka iri hagati ya 18 na 50.

Ivyo binini bifise izihe ngaruka?

Abantu icenda gusa bagiye muri iryo geragezwa ni bo bavuze ko bagabanije ugushaka gukora imibonano mpuzabitsina, umunani bagira ibihere ku mubiri.

Hari n'abavuze ko bongereje ibiro, aahinga bakavuga ko ivyo ari ibisanzwe.

Bivugwa ko ico kinini atangorane gitera mu mafyigo, canke kubuza ko akora neza, bitandukanye n'ivyari vyagaragaye igihe hariko harageragezwa umuti ufasha kuvyara ku rugero ku bapfasoni, gushika n'ubu hakiri akagihaze.