Abantu 10 biciwe mu myiyerekano yo kwiyamiriza amategeko mashasha agenga abageze mu zabukuru muri Nicaragua

A demonstrator uses a slingshot to hurl stones toward riot police during a protest over the pension plans of the Nicaraguan Social Security Institute (INSS) in Managua, Nicaragua April 20, 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Bigaragara ko iyo myiyerekano ahanini igizwe n'abanyeshure ba kaminuza

Abantu cumi ni bo bamaze kwicwa muri Nicaragua mu misi itatu y'itana mu mitwe hagati y'igipolisi n'abagwanya ihinduka ry'amategeko agenga abageze mu za bukuru, nk'uko abategetsi babivuga.

Icegera ca prezida Rosario Murillo avuga ko iyo myiyerekano ikorwa "n'ibikoko", ariko ko reta yiteguye kuganira na bo.

Ni yo myiyerekano ihitanye abantu benshi muri Nicaragua kuva prezida Daniel Ortega ashitse ku butegetsi mu 2007.

Nicaragua: Perezida arashaka ko umugore we amwungiriza

Ije iva kw'itegeko rishaka ko abakozi n'abakorsha bongereza amahera yo kwitegekaniriza kazoza, rikanagabanye n'inyungu boronka.

Iyo myiyerekano yatanguye ku wa gatatu, igihe abari mu zabukuru bihereza amabarabara ku mugwa mukuru Managua.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Abanyeshure barigaruriye kaminuza y'igisha ubuhinga i Managua ku musi wa gatanu

Baciye bakurikirwa ku musi ukurikira n'ibihumbi n'ibihumbi vy'abanyeshure hamwe n'abakozi.

Iyo myiyerekano yanabandanije mu bisagara vyinshi mw'ijoro ryo ku wa gatanu.