Kim Jong-un yitezwe muri Korea Yepfo ku wa gatanu

Bwana im, i buryo, azoba agize intambwe ikomeye ni yitaba iyo nama Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana im, i buryo, azoba agize intambwe ikomeye ni yitaba iyo nama

Uwurongoye Korea ya Ruguru Kim Jong-un ategekanya kwinjira muri Korea Yepfo mu nama na mugenziwe Moon Jae-in, bukaba buzoba bubaye ubwa mbere umutegetsi wo hejuru wa Korea ya Ruguru ahonyoje ikirenge kuri ubwo butaka kuva mu 1953.

Umukuru w'igihugu ca Korea Yepfo Moon Jae-in azobonana na mugenziwe w'iya Ruguru ku mupaka isaha 09:30 (00:30 GMT) ku munsi wa gatanu.

Bivugwa ko mu vyo bazoganira harimwo ivyo Korea ya Ruguru iherutse gushikiriza, ko ishobora kuvavanura n'umugambi w'ibigwanisho vya "nucléaire".

Ababikurikiranira hafi bavuga ko iyo nama ishobora kugabanya uruhagarara rumaze imyaka.

Korea Yepfo isaba ko Korea ya Ruguru igumizwako ibihano

Umugwi umwe wa "Olympique" wa Korea Yepfo n'iya Ruguru

Bwana Kim ategekanya kujabuka urubibe rwa gisirikare, ari narwo mu vyukuri rugabura ivyo bihugu bibiri.

Bivugwa ko azoguma mu karere kashinzwe katarekuwe gukorerwamwo ibikogwa vya gisirikare " Demilitarised Zone".

Ubutegetsi bwa Séoul buvuga ko gupfundika amasezerano yotuma Pyongyang iheba ibigwanisho vyayo vya "nucléaire" bigoye, mu gihe Korea ya Ruguru ngo igeze kure mu buhinga bujanye n'ivyo bigwanisho kuva igihe abategetsi b'ivyo bihugu bibiri baheruka kubonana haraheze imyaka cumi.

"Ikibazo nyamukuru ni kumenya ku ruhe rugero abo bategetsi bazoshobora gupfundikirako amasezerano mu mugambi wo guhagarika ibigwanisho vya "nucléaire," niko umuvugizi wa Prezida wa Korea Yepfo avuga.