Ibinyamakuru vya Korea ya ruguru birakeza umubonano wa Kim na Moon

Kim Jong-un (i bubamfu) na Moon Jae-in bahura itariki 27 ukwezi kwa Kane 2018
Image caption Kim Jong-un (i bubamfu) na Moon Jae-in bahura itariki 27 ukwezi kwa Kane 2018

Umubonano hagati y'abarongoye Korea ya ruguru n'iyepfo ugiye gutuma hatangura ingendo nshasha "ukwiye gushigwa mu mateka", niko ibinyamakuru vya Korea ya ruguru vyavuze.

Umukuru w'igihugu ca Korea ya ruguru Kim Jong-un na Moon Jae-in wa Korea yepfo, bemeranije gukora ngo bakure mu karere ibigwanisho vya "nucléaire".

Televiziyo y'igihugu hamwe n'ikinyamakuru KCNA vyakeje ivyo biganiro hamwe n'intego y'abategetsi yo kuvanaho ibigwanisho vya "nucléaire".

Abo bategetsi bahuye haheze amezi y'uruhagarara ubona ko rwotuma haduka ingwano.

Koreya zombi zumvikanye kwirinda ivyokwega intambara

Amerika 'yarabonanye na Kim Jong Un mw'ibanga'

Korea Yepfo isaba ko Korea ya Ruguru igumizwako ibihano

Bwana Kim yabaye umukuru w'igihugu wa mbere wa Korea ya ruguru ahonyoje ikirenge ubwa mbere ku butaka bwa Korea yepfo, kuva igihe ingwano hagati y'ivyo bihugu bibiri irangiriye mu 1953.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abanyagihugu ba Korea yepfo bararyohewe babonye ivyo biganiro ku mboneshakure

Haheze imyaka myinshi, Pyongyang ivuga ishimitse ko itazovavanura n'umugambi wayo w'ibigwanisho vya "nucléaire", isigura ko vyoyifasha kwikingira agasomborotso ka Amerika.

Abo bakuru b'ibihugu babiri bavuga ko bazobandanya ibiganiro na Amerika hamwe n'Ubushinwa, kugira ngo bashobore kurangiza uruhagarara ruri muri Korea zose.