Korea ya rugru igiye kwugara ikibanza yageragerezamwo ibigwanisho

Indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un ngo yiyemeje gukuraho ibigwanisho vya "nucléaire"
Image caption Indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un ngo yiyemeje gukuraho ibigwanisho vya "nucléaire"

Ikibanza Korea ya ruguru yageragerezamwo ibigwanisho kizokwugagwa mu kwezi kwa gatanu, niko ibiro vy'umukuru w'igihugu wa Korea yepfo vyavuze.

Umuvugizi yavuze kw'iyugara ry'ikibanza Punggye-ri rizokogwa ku mugaragaro, imbere y'abahinga bavuye hanze muri Korea yepfo na Amerika.

Abahinga bavuga ko ico kibanza gishobora kuba catanguye gusambuka mu kwezi kw'icenda.

Ku munsi wa gatanu, indongozi ya Korea ya ruguru Kim Jong-un n'umukuru w'igihugu wa Korea yepfo Moon Jae-in bumvikanye gukorana ngo barangize ibigwanisho vya "nucléaire" mu karere.

Iyo nama yatunganijwe inyuma y'uruhagarara rwari rumaze amezi, ubona ko rwashobora gukwega ingwano.

Ku munsi wa gatandatu, Prezida wa Amerika Donald Trump yavuze ko azogirana ibiganiro n'ubutegetsi bwa Korea ya ruguru "mu ndwi zitatu canke zine" ku bijanye no gukura ibigwanisho vya "nucléaire" mu karere ka Korea.

Korea yepfo ivuga iki?

Umuvugizi w'umukuru w'igihugu Yoon Young-chan yavuze ko Bwana Kim yamenyesheje "ko azokwugara ikibanza co kugeragerezamwo ibigwanisho vya "nucléaire" mu kwezi kwa gatanu".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Amashusho ya "satellite" yerekana ikibanza ca Punggye-ri muri Korea ya ruguru

Bwana Yoon yongeye avuga ko indongozi ya Korea ya ruguru yavuze ko "izotumira abahinga ba Korea yepfo na Amerika babwire amakungu ingene ivyo bikogwa vyakozwe ku mugaragaro".

Korea ya ruguru nta na kimwe irabivugako.