Abantu barenga 20 bishwe mu bitero vy'ibisase muri Syria

Igisirikare ca Syria kivuga ko inyubakwa za gisirikare mu ntara za Hama na Alep zatewe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igisirikare ca Syria kivuga ko inyubakwa za gisirikare mu ntara za Hama na Alep zatewe

Ibisase vyatewe ku birindiro vyinshi vya gisirikare mu buraruko bwa Syria ku musi wa mungu mw'ijoro, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta, inkuru zitaremezwa zikavuga ko hari abapfuye barenga mirongo ibiri.

Igisirikare ca Syria kivuga ko inyubakwa za gisirikare mu ntara za Hama na Alep zatewe.

Ntikiravuga ariko abahasize ubuzima. Ariko umugwi w'abatavuga rumwe na reta ufise icicaro mu Bwongereza uvuga ko abagwanyi bashigikiye reta 26 bishwe, benshi muri bo bakaba ari abo muri Iran.

Ntiharamenyekana uwakoze ivyo bitero, ariko ibihugu vya Buraya na Israel biramaze kugira ibitero muri Syria.

Mu ntango z'uku kwezi, Amerika, Ubwongereza n'Ubufaransa barateye ibibombe ku nyubakwa bavuga ko zifasha mu guhingura ibigwanisho vy'ubumara muri Syria.

Hagati aho, bivugwa ko Israel yateye ku kibuga c'indege zitagira umudereva za Iran, abasirikare 14 ba Iran bakaba bari mu bishwe ico gihe.

Ibindi bisa n’ibi