Prezida wa Nigeria agiye kubonana n'uwa Amerika

Muhammadu Buhari (left) and Donald Trump. File photo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters/Getty Images
Image caption Muhammadu Buhari (i bubamfu) na Donald Trump

Prezida wa Nigeria Muhammadu Buhari azoba umukuru w'igihugu wa mbere wo muri Afrika azokwakirwa na prezida wa Amerika Donald Trump niyashika muri Amerika.

Vyiteze ko baganira kuvyerekeye ugufashanya mu butunzi n'umutekano.

Ariko benshi kandi bakurikiranira hagufi ivyo biganiro inyuma y'aho bivugiwe ko Trump yakoresheje ijambo "umwanda" avuga ibihugu vyo muri Afrika.

Nigeria igiye kwongereza indege zirondera abana banyurujwe

Trump yarahakanye yivuye inyuma ko atari umunyamacakubiri inyuma y'aho ivyo bimenyekaniye.

Abo bategetsi babiri bashobora kuvyirengagiza kugira biteho ibibazo vyihuta, nk'uko vyandikwa n'umumeyeshamakuru wa BBC muri Nigeria, Mayeni Jones.

Uwufise ububasha kw’isanamu Boko Haram
Image caption Umuhari wa Boko Haram wavutse mu 2009

Mu gihugu ciwe, prezida Buhari ahanganye n'ibibazo bikomeye vy'umutekano, harimwo iiterwa n'umuhari wa Boko Haram umaze imyaka icenda mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria hamwe n'umutekano muke urangwa hagati mu gihugu,

Kuri ivyo rero, ukugwanya iterabwoba ni co gikorwa nyamukuru kuri izo mpande zibiri nk'uko umumenyeshamakuru wacu abandanya abivuga.

Abarenga 10 bishwe Boko Haram igwana n'igisirikare muri Nigeria

Amerika indege 12 kuri Nigeria zo kugwanya umuhari wa Boko Haram ziciye imiliyoni 496 z'amadolari.

I Washington, Trump na Buhari baraza kurabira hamwe ingene hokwongerezwa imigenderanire muvyo ubutunzi hagati y'ibihugu vyabo.