Umuti w'inkorora ukoreshwa nk'ikiyovyabwenge muri Nigeria

Ikigo kirwanya ibiyovyabwenge muri Nigeria giturira ibiyovyabwenge gifata Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ikigo kirwanya ibiyovyabwenge muri Nigeria giturira ibiyovyabwenge gifata

Igisata ca BBC gikora itohoza, Africa eye, cerekanye ukuntu hari abantu bakorana n'ibigo bidandaza imiti muri Nigeria, bagurisha ku magendo umuti w'inkorora witwa codeine.

Abajejwe intwaro muri Nigeria bagirijwe kunanirwa, kuko igitigiri kinini c'abakiri bato bamaze kwononekara kubera kunywa uwo muti nk'ikiyovyabwenge.

Mu muji wa Kano uri mu buraruko, ikigo ca leta kijejwe kurwanya ibiyovyabwenge kivuga ko naho gisaka kenshi, gishobora gukura mu mabarabara cumi kw'ijana gusa vy'uwo muti.

BBC kandi yasanze hari abantu bashegeshwe n'uwo muyi banywa nk'ikiyovyabwenge, baboshwe n'iminyororo kugira ntigire uwo bahohotera, mu kigo ca leta kivura abantu nk'abo.

Abajejwe intwaro bahagurutswe

Leta ya Nigeria yaciye ifata ingingo zo guhangana n'iki kibazo nyuma y'iperereza rya BBC.

Leta yabujije kudandaza no gutumiza hanze ibikozwe muri codeine nk'ikintu gikoreshwa mu miti ivura inkorora.

Umukuru w'inama nkenguzamateka Dr Abuabakar Bukola Saraki yashimiye BBC Afrika ku kiganiro cayo, avuga ko bikenewe ubu bwa vuba ko Nigeria ihagurukira iki kibazo.

Umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Aisha Buhari, yavuze ko atewe impungenge n'ukwiyongera kw'ikoreshwa ry'ibiyovyabwenge, nyuma y'ikiganiro ca BBC.

Ikigo gihingura imiti, Emzor, cahagaritse ikwirakwizwa ry'umuti wa codeine, kinirukana abakozi bagaragaye mu kiganiro c'iperereza ry'abakozi ba BBC.