Umunyororo w'imyaka itatu ku mu CNDD-FDD "yabivye urwanko"

Melchiade Nzopfabarushe (yambaye ibisa n'icatsi)
Image caption Melchiade Nzopfabarushe (yambaye ibisa n'icatsi) aregwa gukoresha amajambo ashobora kuryanisha Abarundi

Sentare nkuru y'intara ya Bujumbura kuri uno wa mbere yaciriye umunyororo w'imyaka itatu mu rubanza rw'ikibiriraho, Melchiade Nzopfabarushe aturuka muri komine ya Kabezi mu ntara ya Bujumbura rurale.

Uwo mugabo yemanga ko ari umugumyabanga wa CNDD-FDD yagirizwa ivyaha vyo gukangisha abanyagihugu imvugo mbi ishobora kubangamira abadakurikiza ivyo abategeka.

Yagirizwa kandi kugumura abanyagihugu mu kubatera ubwoba canke kubagabisha ko bagiye guhura n'amahano, no gukwiragiza n'impaka ibihuha bituma abanyagihugu bahagarika umutima canke bagacanamwo n'ubutegetsi.

Aregwa kandi no gutyoza umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD mu kuwuremeka inkono ishushe.

"Kubirukako ibirenge bigashuha"

Ivyaha Nzopfabarushe yahaniwe bifatiye ku majambo yashikirije kw'igenekerezo rya 15 ndamukiza uyu mwaka ku mutumba wa Migera muri komine Kabezi intara ya Bujumbura.

Muri video imaze iminsi itembera ku mbuga ngurukanabumenyi, uwo mugabo aboneka ariko ashikiriza ijambo abanyagihugu bo mu Migera.

Ababwira ko umukeba wese canke uwundi muntu wese azoja kubiri n'ivyo reta ishaka ku bijanye n'amatora y'ibwirizwa shingiro yimirije, bazomushira mu bwato bace bamurungika mu kiyaga Tanganyika.

Uwo mugabo aboneka kandi ariko aragabisha abakeba ko bazobirukako n'ibirenge bishuhe.

Image caption Nzopfabarushe yakatiwe imyaka itatu y'umunyororo mu rubanza rw'ikibiriraho, ariko uwumwunganira avuga ko azokwunguruza

Muri iyo video nyene uwo mugabo avuga ko ubwo ari ubutumwa buriko butangwa mu gihugu cose.

Ubwo butumwa rero bwafashwe na bamwe ko ari nko guhamagarira Abarundi gucanamwo.

Mu rubanza rwabaye kuri uno wa mbere, Nzopfabarushe Melchiade asigura ko ivyo yabishikirije nk'umunyapolitike mu ntumbero yo guhanura abagumyabanga bo ku mutumba avukamwo.

Sentare ikaba yaciye imucira umunyororo wo gupfungwa imyaka itatu; uwumuburanira, Alexandre Ndikumana, aragaya urubanza akavuga ko bagiye kwunguruza.

Ibindi bisa n’ibi