Amerika yagiriza Irani kubesha ku birwanisho vy'ubumara

Israeli Prime Minister Benjamin Netanyahu speaks to media in Tel Aviv, 30 April Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umushikiranganji nwa mbere wa Israel Netanyahu ariko aratanga ikiganiro ku birwanisho vy'ubumara vya Iran

Umushikiranganji ajejwe imigenderanire wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko impapuro zerekanywe na Israel zerekana ko Irani " yanyegeje umugambi w'ibirwanisho vy'ubumara"

Mike Pompeo yavuze ko izo mpapuro zerekanywe n'umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu ari iz'ukuri.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko ata kintu gishasha kirimwo, bagashimika ko amakenga ku mugambi w'ibirwanisho vy'ubumara wa Irani ari wo watumye haba amasezersano.

Prezida wa Amerika, Donald Trump, aterekwa ayo masezerano, afise gushika itari 12 z'ukwezi kwa gatanu ngo afate ingingo yo kuyavamwo canke kuyagumamwo.

Ibindi bihugu vya rurtura, harimwo Ubwongereza n'Ubufaransa, bivuga ko Irani yubahirije ayo masezerano, ko rero akwiye kugumaho.