Menya ibihugu bikoresha urumogi rwinshi kw'isi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mu bihugu vyinshi muri Afrika birabujijwe kurima, kugurisha canke kunywa urumogi

Lesotho

Urumogi muri Lesotho rurarekuwe gukoreshwa nk'umuti gusa, kandi urumogi rurarimwa cane muri ico gihugu.

Mu myaka ya 2000, haharurwa ko ibice 70 kw'ijana y'urumogi rwo muri Afrika y'epfo rwava muri Lesotho.

Abarimyi b'urumogo muri ico gihugu barwikorako muhira iwabo no kurugurisha mu bindi bihugu, kubera ubukene barimwo. Abarimyi bato bato bo muri ico gihugu barima urumogi mu bindi bterwa nko mu bigori, kugira barujane muri Afrika y'epfo.

Afrika y'epfo

Afrika y'epfo ni co gihugu csri citezwe ko kizotangura kurekura abantu gukoresha urumogi ku mugaragaro.

Mu kwezi kwa kane umwaka uheze, ico gihugu caremereye abantu gukoresha urumogi mu mihana iwabo, ariko nticarekuye kururima canke kurugurisha.

Kuva mu kwezi kwa gatatu mu 2017, inyuma y'aho sentare nkuru ya Western Cap irekuriye gukoresha urumogi mu mihana, n'ubu biracabujijwe kurukoresha mu mategeko, gushika aho amategeko azohindurirwa kugira abagwizatunga batangure kururima bashiremwo n'imitahe, hanyuma n'amashirahamwe akore ibikoresho bijanye n'urumogi hamwe no kurukwiragiza.

Mu kiringo c'amezi atari make, abaciye barima urumogi barazanye iterambere cane, bugururira n'amarembo n'abandi bashaka kurima urumogi rwokoreshwa nk'umuti.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zimbabwe yararekuye kurima no gukoresha urumogi

Ghana

Inkuru zitangwa na Onu, Ghana ni co gihugu gikoresha urumogi rwinshi kw'isi, ibice 21.5 vy'abanyagihugu bari hagati y'imyaka 15 na 64 baranywa urumogi.

Harabaye ibiganiro ku rwego rw'igihugu biraba kurekura ikoreshwa ry'urumogi, ibiganiro ata co vyashitseko ku musi mpuzamakungu wahariwe kurwanya ibiyayuramutwe.

Ubutegetsi muri ico gihugu buvuga ko urumogi ari ikintu kibi cane gusumba n'inzoga zambiye, ko mu gihe borekura kurukoreshwa atacamira, ingaruka mbi yarwo atawoyitura.

Uretse ivyo Ghana irafashanya n'ibindi bihugu vyo mu karere ka Afrika yo mu burengero mu gutuza urumogi no kuruhanahana muri ako karere.

Korea ya ruguru

Urumogi ni rwinshi cane muri Korea ya ruguru mbere n'amashirahamwe ya reta araja kurugurisha mu bindi bihugu kugira baronke amahera y'agaciro.

Abashakashatsi bavuga ko bitazwi neza ko hoba hariho amategeko abuza ikoreshwa ry'urumogi, kandi ico gihugu ntikibona ko ikoreshwa ry'urumogi ari ukurenga ku mategeko.

Urumogi ruragurishwa mu maduka y'ibifungurwa, ahandi na ho ugasanga abantu bariko bararunywa batarinze no kwinyegeza.

Ibindi bisa n’ibi