Abakozi mu Burundi bidogeye ingene intererano y'amatora itozwa

Abakozi basaba ko uburyo amahera yo guterera mu matora atozwa vyosubirwamwo Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Abakozi basaba ko uburyo amahera yo guterera mu matora atozwa vyosubirwamwo

Kuri uno munsi mukuru w'abakozi n'akazi umukuru w'u Burundi, Petero Nkurunziza, yashimye ingene Abarundi bariko baritanga mu guterera amatora yimirije ya 2020, ariko abakozi bidogeye ingene bikorwa.

Bamwe mu bakozi ba reta bavuga ko itunganywa ry'ingene iyo ntererano itozwa rikirimwo utunenge ngo kubera ivyafatiweko bitarasigurwa neza.

Ibirori vyo guhimbaza uwo munsi vyabereye mu ntara ya Rutana aho umukuru w'igihugu n'umutambukanyi wiwe bari bifadikanije n'abakozi.

Ariko ijambo bijanye Petero Nkurunziza yari yaraye arishikirije, amenyesha ko ku nguvu z'Abarundi ubwabo, igihugu gishoboye kwitunganiriza amatora kitarinze gutega amashi imfashanyo ziva ahandi.

Bwana Nkurunziza yagize ati: "Turashimiye Abarundi bose bumvise akamo twabateye ko guterera amatora kugira twitunganirize amatora meza tutarinze kuzera inze.

"Turakeje umugwi w'abagwizatunga baterereye imiliaridi zirenga zitatu. Ni ikimenyetso kitabesha cerekana ko Abarundi dushoboye."

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Umukuru w'igihugu n'umutambukanyi wiwe bari bifatanije n'abakozi mu ntara ya Rutana

Abakozi basanga harimwo akarenganyo

N'ubwo biri ukwo, mu runani mpuzamasendika, Cosybu, baracafise amakenga ku kungene iyo ntererano ikatwa ku mishahara y'abakozi.

Tharcisse Gahungu arurongoye, ari mu birori vyari bihagarikiwe n'umukuru w'igihugu mu Rutana, yavuze ko ata muco wigeze utangwa ku bijanye n'urugero rw'ingene iyo ntererano ikatwa.

Yagize ati: "Biragoye kwumva ingene umukozi ahembwa ibihumbi 200 atanga intererano y'2000 ku kwezi, uwufata ibihumbi amajana abiri n'ijana, urumva amurusha ijana rimwe, atanga ibihumbi bitanu ku kwezi, akanganya n'uwuhembwa ibihumbi 500 ku kwezi kuko nawe nyene atanga ibihumbi bitanu."

"Ibaze namwe ingene uwufata ibihumbi amajana atanu n'ifaranga rimwe aca atanga ibihumbi 30 ku kwezi co kimwe n'uwufata umuliyoni. Mbega aho hoba hafatiwe kuki ? Turasavye rero urwego rushinzwe ibiganiro mu kazi ruduhuze na reta."

Ubushomeri

Ikindi umukuru wa COSYBU yagarutseko ni ikibazo c'ubushomeri buhanze Abarundi, akagira ati reta nikore uko ishoboye kugira na dukeya tuboneka idusabikanye Abarundi ata nkunzi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Burundi Presidency
Image caption Uwuserukiye abakozi asaba ko ubuzi buhari leta yoza irabusabikanya

Asaba kandi ko ingendo yo kwaka ibiturire mu gisata co gutanga ubuzi yoranduranwa n'imizi.

Mw'ijambo umukuru w'igihugu yashikirije kuri uyu wa mbere avuga ko ikibazo c'abakozi reta igifise ku mutima.

Yatangaje ko muri uyu mwaka wa 2018 itegekanya guha akazi abantu barenga 1600 mu bisata nyamukuru bitandukanye harimwo n'ic'indero.

Avuga ko muri uyu mwaka urangiye abantu barenga ibihumbi 7 aribo baronse ubuzi mu bisata vy'ubutare n'agataka no mu bushikiranganji bw'ibikorwa vya reta.

Ibindi bisa n’ibi