FRODEBU ngo CNDD-FDD ishaka "kuzana intwaro ya cami"

Icegera c'umukuru wa Sahwanya FRODEBU, Leonce Ngendakumana
Image caption Icegera c'umukuru wa Sahwanya FRODEBU, Leonce Ngendakumana, avuga ko umugambwe uri kubutegetsi wihereranye kuvugurura ibwirizwa shingiro

Umugambwe utavuga rumwe na leta y'u Burundi, Sahwanya FRODEBU, wemeza ko utigeze uhabwa icese integuro y'ibwirizwa shingiro rishasha rigiye kwemezwa canke guhakanwa muri kamarampaka yimirije.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru icegera c'umukuru w'uyo mugambwe, Léonce Ngendakumana, yavuze ko abateguye ibizohinduka muri iryo bwirizwa shingiro bagira isoni ryo kubishira ahabona kubera harimwo ivyaka ijambo abanyagihugu.

Léonce Ngendakumana avuga ko iyo nteguro yakorewe mu kinyegero, ati kiretse ko imigambwe itahawe icese iyo nteguro kugira ishobore kuyisoma imenye ibirimwo kare, na bamwe mu bari muri reta ngo ntibayihawe.

Yagize ati: "Sinzi ko abantu barisomye neza, na twebwe iri dufise twarironse ejo. Murumva rero ko bayinyegeza kubera ibi bintu vyo gushaka kutugarukana mu ntwaro za cami, kubera ibi bintu vyo gukumira abantu no kwaka ijambo abanyagihugu.

"Ntibashaka ko abantu benshi babimenya. Hari n'abashikiranganji batayigizeko ububasha bwo kuyibona.

"Ikindi na co, twumvirije abo muri Mizero y'Abarundi, bafise abashingamateka bababa 30 harimwo n'icegera ca kabiri c'inama nshingamateka bakagira n'abashikiranganji batanu, ntibigeze babimenya."

Uwo mugambwe uvuga ko muri 2005 ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu ari bwo bwaciye butanga integuro y'ibwirizwa shingiro y'ico gihe ku migambwe yose yari yemewe n'amategeko.

Image caption Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru, Sahwanya FRODEBU yavuze ko izotora "oya"

Bwana Leone yaboneyeho akaryo ko gutangaza ko umugambwe Sahwanya FRODEBU uzotora "oya" muri kamarampaka.

Leta y'u Burundi ariko ivuga ko ibintu nyamukuru amasezerano ya Arusha ashingiyeko vyagumijwe muri iyo nteguro mbere ngo birashimangirwa, ivyo navyo akaba ari uguserukirwa mu nzego kw'amoko yose ari mu Burundi.

Kwamamaza gutora "ego" canke "oya" mu matora ya kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro rishasha azoba itariki 17/05/2018, vyatanguye ejo kuwa gatatu.

Menya ibikuru bikuru bitegekanywa guhinguka mw'ibwirizwa shingiro ry'u Burundi

Ibindi bisa n’ibi