14 batawe muri yombi mu Buhinde nyuma yo kwica umukobwa

Igipolisi kivuga ko mu Buhinde abantu ibihumbi 40 bafashwe ku nguvu mu 2016 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igipolisi kivuga ko mu Buhinde abantu ibihumbi 40 bafashwe ku nguvu mu 2016

Igipolisi mu ntara yo mu buseruko bw'Ubuhinde ya Jharkhand cafashe abagabo cumi na bane mu bijanye n'ifatwa ku nguvu no kwicwa kw'umwana w'umukobwa.

Ico gipolisi kivuga ko uwo mukobwa w'imyaka cumi n'itandatu yaturiwe ari muzima, abavyeyi biwe bamaze kwitwara ku bakurambere b'ikigwati, bakababwira ko umukobwa wabo yahohotewe.

Abakurambere bahaye igihano uwo yagirijwe, co gusutama asubira ahaguruka inshuro ijana, akanariha amande y'amadolari amajana indwi na mirongo itanu.

Igipolisi kivuga ko ico gihano cashavuje abo bagabo, baca bakubita abavyeyi b'uwo mukobwa imbere y'uko bamuturira.

Ibi vyabaye mu gihe mu Buhinde amahano yo guhohotera bifatiye ku gitsina, asigaye ari menshi cane.

Abantu ibihumbi mirongo ine mu Buhinde nibo bamenyesheje ko bafashwe ku nguvu mu 2016.

Ibindi bisa n’ibi