Sir Alex Ferguson araremvye cane mu bitaro

Sir Alex Ferguson Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Sir Alex Ferguson yafashwe n'uburwayi ejo kuwa gatandatu

Uwahoze amenyereza ikipe y'umupira w'amaguru yo mu Bwongereza, Manchester United, Sir Alex Ferguson, araremvye cane nyuma yo kubagwa kubera kuvirirana mu bwonko.

Ferguson yagize ico kibazo ejo kwa gatandatu, aca ajanwa kwa muganga abagwa ku buryo bwihuta.

Bamwe muri barurangiranwa mu nkino, barimwo David Beckham na Mo Farah, barungitse ubutumwa bwo kumushigikira we n'umuryango wiwe.

Uwo mutama w'imyaka mirongo indwi n'itandatu yahagaritse kumenyereza mu mupira w'amaguru mu kwa gatanu 2013.

Ibindi bisa n’ibi