Vyoshika Amerika n'ibihugu vya bulaya ntibahuze kubera Irani?

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubufaransa n'amakungu, Jean-Yves Le Drian
Image caption Umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubufaransa n'amakungu, Jean-Yves Le Drian

Umushikiranganji w'imigenderanire y'Ubufaransa n'amakungu, Jean-Yves Le Drian yavuze ko ibihugu vy'Ubufaransa, Ubudagi hamwe n'Ubwongereza bitazova mu masezerano mpuzamakungu ya "nucléaire" yapfunditswe hamwe n'igihugu ca Irani, bitiriwe biraraba ingene Amerika izovyifatamwo.

Yavuze ko ivyo bihugu bitatu vyiyemeje kubungabunga ayo masezerano bisigura ko aribwo buryo bwiza bwo kubuza Irani gutunga ibigwanisho vya "nucléaire".

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Hassan Rouhani yagabishije Amerika ko ishobora kugira ingaruka zikomeye igihe yoba itegetse ibihano kuri Irani

Prezida wa Irani, Hassan Rouhani nawe nyene yashikirije ko Teheran yokwinjira muri ayo masezerano igihe iyindi migwi ukuyemwo Amerika yoba yemeye inyungu za Irani. Prezida Trump - yamye anegura ayo masezerano - azofata ingingo niba yoyavamwo mu minsi mikeyi iri imbere.

(Abasesenguzi bavuga ko naho ibihugu vya Buraya vyoba vyemeye kugumizaho ayo masezerano, ngo yoshobora gutobwa n'ibihano bishasha vya Amerika bigatuma abanyamitahe bashobora kuva muri Irani.)