Uganda iriyamiriza umugambi wo kwimurira ibiro vya Onu i Nairobi

Prezida Museveni ngo yarungikiye ikete umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Prezida Museveni ngo yarungikiye ikete umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres

Inama nshingamateka ya Uganda iriyamiriza umugambi w'umuryango mpuzamakungu Onu wo kwimurira ibiro vya Entebbe i Nairbi, umugwa mukuru wa Kenya.

Umukuru w'inama nshingamateka Madamu Rebecca Kadaga yagenye umugwi ujejwe imigenderanire n'amakungu hamwe n'umushingamateka Theodore Ssekikubo gukurikirana ico kibazo.

Bivugwa ko umukuru w'igihugu Yoweri Museveni yamaze kurungikira urwandiko umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, yiyamiriza iyimugwa ry'ivyo biro.

Umushingamateka Theodore Ssekikubo niwe yasavye ko hokogwa utwigoro two gushigikira leta kugira ibiro vya Onu biri Entebbe ntivyimurigwe i Nairobi.

"Ibiro vya Onu vy'i Entebbe vyahaye akazi abaganda 420 hamwe n'abandi, batorera akoyoko ku mahera imiliyoni 11 z'amadolari yinjira ku mwaka," niko Bwana Ssekikubo avuga.

Image caption Umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres

Iciyumviro co kwimurira ibiro vya Entebbe i Nairobi catangujwe n'umunyamabanga mukuru wa Onu Antonio Guterres, igihe itariki 1 y'ukwezi kwa Gatanu yandikiye umugwi mpanuzwajambo wa Onu asaba ko ibiro vyova Entebbe bikajanwa i Nairobi.

Umukuru w'inama nshingamateka, Rebecca Kadaga yavuze ko ico kibazo gikwiye kubanza kwicarigwa.

"Dukwiye guharira cane kuri ico kibazo. Kirakomeye cane ku gihugu cacu.

"Kenya ifise ibisata vyinshi vya Onu mu gihe Uganda nayo imaze gusesa amaraso menshi kurusha abakenya. Tumaze gusesa amaraso ku mugabane wa Afrika kuri ivyo turakwiye gushigikigwa," niko Madamu Kadaga yavuze.