Isi yiyemeje guhangana na Amerika ku masezerano na Irani

Umukuru w'Ubufaransa Emmaneul Macron (i bubamfu), umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza Theresa May (hagati) n'umuchanceliere w'Ubudage Angela Merkel Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubufaransa, Ubwongereza n'Ubudage biri mu bihugu bishaka ko amasezerano na Irani agumaho

Abanyepolitike bo hirya no hino kw'isi biyemeje guhangana na Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu kugumizako amasezerano na Irani ku mugambi wayo w'inguvu za nucleaire.

Mu rwandi rwasohorewe hamwe n'ibihugu vyose bigize ishirahamwe rya Buraya, vyavuze ko bitazosubira gufatira ibihani Irani nk'uko Amerika yavyifuje, mu gihe yoyo yamaze kuva muri ayo masezerano.

Ibihugu vy'Uburusiya n'Ubushinwa navyo bivuga ko bishaka ko ayo masezerano agumaho.

Umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe imigenderanire, Jean-Yves Le Drian, yavuze ko umugambi washizweko umukono utarapfa.

Yavuze ko azobonana na bagenzi biwe b'Ubwongereza, Ubudage hamwe na Irani kuwa mbere, baganire ku buryo ayo masezerano azogumizwako.

Irani yamye ivuga ko umugambi wayo w'inguvu za nucleaire ugamije iterambere ry'amasoko ntanganguvu, ariko Amerika yoyo ikavuga ko intumbero ari uguhingura ibirwanisho ruhonyanganda.

Soma kandi: