Aba Maasai ba Tanzaniya ngo barahohotegwa

Icegeranyo gishasha cagiriza leta ya Tanzaniya guhohotera aba Maasai
Image caption Icegeranyo gishasha cagiriza leta ya Tanzaniya guhohotera aba Maasai

Icegeranyo gishasha cagiriza leta ya Tanzaniya hamwe n'amashirahamwe atandukanye y'abakerarugendo guhohotera abanyagihugu bo mu bwoko bw'aba Maasai.

Muri ico cegeranyo casohowe uno munsi n'ikigo Oakland Institute, havugwamwo aba Maasai bafashwe, abakuwe mu vyabo hamwe n'abakubiswe, nkuko umumenyeshamakuru wa BBC muri Tanzaniya avyigana.

Abo banyagihugu b'aba Maasai barigana ingene leta ikoresha amategeko agenga ibidukikije, mu kubakura mu matongo yabo kugira hinjire amahera menshi azanywe n'igisata c'abakerarugendo - ivyo leta ikaba yabihakanye.

Igisata c'abakerarugendo nico cinjiriza Tanzaniya amahera y'agaciro muri ino myaka cumi irangiye, bikavugwa ko imiliyaridi zibiri z'amadolari ariyo yinjira mu kigega ca leta ku mwaka.

Magufuli agabisha ko Tanzaniya atari icibare baragiriramwo

Kenya: abajura bibye inka 200 i Baragoi

Ku bw'ivyo abo ba Maasai basigura muri ico cegeranyo, ayo mashirahamwe y'abakerarugendo ngo arababuza kuja mu matongo y'abasekuruza babo, hamwe no mu masoko y'amazi, igipolisi naco ngo kikabakubita kandi kikabapfunga.

Rimwe mu mashirahamwe aregwa ryabwiye BBC ko abo ba Maasai babuzwa kuja mu masoko y'amazi igihe c'uruhigi hagati y'ukwezi kw'indwi n'ukwa 12 - ico gihe kikaba gihurirana n'ici.

Leta ku rundi ruhande irahakana ko ihohotera abo banyagihugu, igasigura ko amategeko agenga ibidukikije afasha gukingira isi mu turere tubitswemwo ibikoko.

Ibindi bisa n’ibi