Zari yankiye umuririmvyi akomeye wo muri Kenya

Zari ngo yipfuza kurera abana biwe nta mugambi wo kurongogwa afise muri kino gihe
Image caption Zari ngo yipfuza kurera abana biwe nta mugambi wo kurongogwa afise muri kino gihe

Umupfasoni Zari Hassan aheruka kwahukana n'umuririmvyi w'umutanzaniya Diamond Platnumz yanse akaganuke ka Ringtone, umuririmvyi w'umukenya w'indirimbo z'Imana.

"Oya, urakoze. Ntayo nshaka," niko Zari Hassan yishuye inyuma yaho umuririmvyi Ringtone amenyesheje ko yamuteguriye akaganuke k'imodoka nshasha yo mu bwoko bwa "Range Rover Sport".

Zari aheruka kwahukana n'umuririmvyi rurangiranwa wa Tanzaniya Diamond Platnumz mu kwezi kwa kabiri, ari mu rugendo mu gihugu ca Kenya aho yatanze ibiganiro ku mboneshakure no mu maradiyo atandukanye.

"Namenye uwo muhungu (Ringtone), igihe nje muri Kenya," niko umupfasoni Hassan avuga.

Avuga ariko ko yashimye "ubutwari" bwiwe mu kumenyesha ku mugaragaro ko amwipfuza.

Inyuma yaho yankiye ako kaganuke ka Ringtone, uwo mugwizatunga wo mu gihugu ca Uganda asigura ko afise amahera akwiye yo kwigurira imodoka nka Range Rover, avuga ko aherutse kuyigura mu ndwi iheze.

Ringtone amaze iminsi myinshi aca ku mbuga hwaniro avuga ko agiye kurongora Zari Hassan yavanye na Diamond itariki 14 ukwezi kwa Kabiri uno mwaka.

Yamenyesheje ko agiye guha iyo modoka Zari, ariko asanga banyuranywe amukurikiye aho yari ari mu gace ka Nairobi.

Mu kiganiro yatanze, Zari avuga ko atipfuza kurongogwa muri kino gihe, ko yipfuza kubanza kurera abana biwe batanu.

Ibindi bisa n’ibi