Umugore yasabwe kwonkereza muri surwumwe muri Kenya

Ivyabaye vyaridozwe n'abantu benshi cane cane abagore ku mbuga hwaniro Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ivyabaye vyaridozwe n'abantu benshi cane cane abagore ku mbuga hwaniro

Umugore w'umukenya yaratuntuye yankiwe ko yonsa umwana mu kibanza c'akavunamusase mu gisagara ca Nairobi muri Kenya.

Uwo mugore w'imyaka 26, avuga ko yitwa Betty Kim, yarababaye cane gushika aho ashira ivyamubayeko kuri "Olive Restaurant" ku rubuga rwa Facebook itariki 7 z'ukwezi kwa Gatanu.

Inyuma yaho abishiriyeho, abantu benshi barabisomye, abagore batangura kumushigikira ndetse bamwe bavuga ko bazoja kwiyamamariza imbere y'ubwo buriro.

Ba nyene "restaurant" basavye kugenza buhoro, bavuga ko bagiye kuraba ingene bobikika.

Basavye Madamu Kim kugenda bakavugana, kugira ngo babitorere umuti, bavuga ko babonye ivyabaye ku mbuga hwaniro.

'Ja kwonkereza mu kazu ka surwumwe'

Madamu Kim yabwiye BBC ko yagiranye ingorane n'abakozi (serveuses) atanguye kwonsa umukobwa wiwe w'umwaka umwe.

"Nari ndindiriye ko nzanigwa ivyo nasavye, inyama y'isosi, amashu hamwe n'igicumbe, igihe umugore atisonera ansavye ngo ndeke canke mfuke ibere," niko yavuze.

"Vyarambabaje kuko nari maze kubigira kenshi cane ahandi, kandi kuri uwo munsi sinabona ahandi noja."

Madamu Kim avuga ko umwana wiwe yararushe, aca abona ko yobandanya amwonsa.

"Nafashe ingingo yo kuguma ndamwonsa, munyuma uwundi mukozi w'umugore anzanira indya, aca ambwira ko ivyo ndiko ndagira abantu bobifata nabi," niko yavuze.

"Naciye ndamubaza mu rupfasoni ahandi nokwonkereza, aca anyereka mu kazu ka surwumwe.

"Ico gihe numvise angaye, nca ndahagarika kwonsa."

Madamu Kim yizeye ko abarongoye ubwo buriro bazomusaba ikigongwe.

Harategekanijwe imyiyerekano yo kumushigikira itunganywa n'abagore bibungenze n'abonsa bahuriye ku rubuga rwa Facebook avuga ivyamubayeko, izoba itariki 15 ukwezi kwa Gatanu.

Ibindi bisa n’ibi