Amerika igiye kurungika kajugujugu ku mubumbe Mars

Kajugujugu Nasa yipfuza kurungika kuri Mars yoba iteye nk'iyiri kuri iyo foto Uwufise ububasha kw’isanamu NASA / JPL
Image caption Kajugujugu Nasa yipfuza kurungika kuri Mars yoba iteye nk'iyiri kuri iyo foto

Ikigo kijejwe ibigendajuru muri Amerika, Nasa, camenyesheje ko kigiye kurungika kigerageza ubwa mbere indege yo mu bwoko bwa Kajugujugu ku wundi mubumbe.

Bitegekanijwe ko iyo Kajugujugu izorungikwa kuri Mars mu mwaka w'i 2020.

Nasa iriko irondera gukora indege iremurutse yoshobora kuja bitagoranye kuri Mars, na burya uwo mubumbe uremurutse incuro 100 ugereranije n'isi.

Abahinga bo mu Burusiya nibo bamaze gushikana ibigendajuru bimeze nk'ibipurizo mu kirere c'umubumbe Venus, mu myaka yo mu 1980.

"Kwiyumvira ko Kajugujugu yoguruka ija ku wundi mubumbe biraryoshe cane," niko uwurongoye Nasa Jim Bridenstine yavuze.

"Iyo Kajugujugu izoja kuri Mars iratanga icizere kuri kazoza k'ubuhinga, ubushakashatsi hamwe no mu kwabura umubumbe Mars."

Mu gihe ako kagendajuru kiswe Kajugujugu aho kwitwa "drone", nta mudereva kazoba gafise.