Macron: Ubufaransa ntibuzocika inkokora kubera abansi

Igihugu kirongowe na Emmanuel Macron ngo ntikizocika inkokora kigwanya abakora iterabwoba
Image caption Igihugu kirongowe na Emmanuel Macron ngo ntikizocika inkokora kigwanya abakora iterabwoba

Umukuru w'igihugu c'Ubufaransa Emmanuel Macron yavuze ko igihugu ciwe kitazocika inkokora kubera abansi b'ukwishira n'ukwizana, inyuma y'igitero c'iterabwoba cakozwe mu gisagara ca Paris.

Umugabo afise imbugita yagavye igitero ku bantu barengana muri karitiye ya Opéra, yica umuntu umwe anakomeretsa bandi bane.

Ubutegetsi buvuga ko bwumvise uwo mugabo w'imbugita asemerera ati "Imana ni nkuru" mu carabu, munyuma yapfuye arashwe n'igipolisi.

Nkuko ibinyamakuru vyo muri ako gace bivuga, ngo yavukiye muri Tchétchénie, abavyeyi biwe bakaba baciye bajanwa n'igipolisi gusambishwa.

Ubufaransa buramaze kwibasigwa kenshi n'ibitero vy'umugwi wa Leta y'iki Islamu "Islamic State" ari nawo wemanze ico gitero.