Irani ngo yiteguye gusubira mu bikogwa vya "nucléaire"

Umushikiranganji w'imigenderanire 'igihugu ca Irani n'amakungu, Javad Zarif
Image caption Umushikiranganji w'imigenderanire 'igihugu ca Irani n'amakungu, Javad Zarif

Umushikiranganji w'imigenderanire y'igihugu ca Irani n'amakungu, Javad Zarif, ari mu gihugu c'Ubushinwa mu ntumbero yo kwemeza amasezerano ya "nucléaire" Irani yateyeko umukono.

Bwana Zarif yavugiye i Beijing ko ayo masezerano azogumaho, mu gihe inyungu ku banyagihugu ba Irani zemejwe.

Prezida Trump aheruka gutangaza mu ndwi iheze ko Amerika igiye gushinga ibihano vy'ubutunzi ku mashirahamwe akorana na Irani, ivyo bikaba bitakiriwe neza n'ibindi bihugu vyateye umukono ku masezerano ya "nucléaire" -- Ubushinwa, Uburusiya, Ubudagi, Ubufaransa n'Ubwongereza.

Inyuma ya Beijing, Bwana Zarif yaciye aja i Moscou n'i Buruseli.

Irani ivuga ko yahejeje kwitegurira gusubira kwikenura mu vya "nucléaire", kiretse ibihugu vyashize umukono ku masezerano bitanze ivyemeza ko bizogumizaho imigenderanire mu vy'ubucuruzi nubwo Amerika igabisha ko igihe gutanga ibihano.