Umuryango w'abantu batanu wagize igitero ku cicaro gikuru c'igipolisi

Igipolisi gihagaze hanze y'aho bakorera inyuma y'ico gitero Uwufise ububasha kw’isanamu Inpho
Image caption Igipolisi gihagaze hanze y'aho bakorera inyuma y'ico gitero

Igitero c'abiyahuzi bakoresheje bombe ku cicaro gikuru c'igipolisi co mu gisagara ca Surabaya ku musi wa mbere cakozwe n'umuryango w'abantu batanu bari kw'ipikipiki zibiri.

Ico gitero kibaye inyuma y'aho uwundi muryango utereye ibitero vya bombe mu masengero ku musi w'Imana, igitero ciyitiriwe n'umuhari wa Etat Islamique.

Akana k'imyaka umunani karokotse muri ivyo bitero, nk'uko bivugwa n'igipolisi.

Nyamugigima yahitanye benshi muri Indonesia

Indonesia igiye kubuza abantu kuja gukora mu mahanga

Igihugu ca Indoneziya ni co kirangwamwo aba Islam benshi kw'isi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Imodoka yaturiwe imbere y'imwe mu masengero yatewe i Surabaya

Iryo zinga ririmwo abantu imiliyoni 260 rimaze imisi ribamwo ibitero vy'iterabwoba muri aya meze aheze, ibitero vy'i Surabaya vyatumye haba amakenga ko abitwaje iterabwoba basigaye bakomeye.

Indonesia igiye gukona abahumbisha abana

Ivideo y'ico gitero ku cicaro c'igipolisi yerekana ipikipiki zibiri ziriko ziregera ibariyeri imbere y'uko bombe iturika.

Abanyagihugu babiri n'abapolisi bane bakomeretse nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Ibindi bisa n’ibi