Amerika yuguruye ibiro biyiserukira mu gisagara ca Yerusalemu

Inyubakwa y'ibiro nserukiragihugu vya Amerika mu gisagara ca Jerusalem Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inyubakwa y'ibiro nserukiragihugu vya Amerika mu gisagara ca Jerusalem

Ibiro vy'uwuserukira Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyatanguye akazi icese uyu musi ku wa mbere mu gisagara ca Yerusalemu, nyuma y'umuhango wo kuvyugurura.

Abategetsi bo mu nzego zo hejuru muri Amerika bitabiriye ibirori vy'uyu musi, harimwo umukobwa wa prezida wa Amerika Donald Trump, Ivanka, hamwe n'umugabo wiwe Kushner.

Benshi mu bategetsi b'ishirahamwe ry'ubumwe bwa Buraya ntibitavye ivyo birori.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ivanka Trump ariko araramutsa uwuserukira Amerika muri Israel David Friedman bari kumwe n'umugabo wiwe Jared Kushner (i buryo) inyuma yo gushika muri Israel.

Ingingo ya Trump yo kwimura ibiro nserukiragihugu vya Amerika abivana i Tel Aviv yarashavuje abanye Palestine bavuga ko akarere ka Yerusalemu yo mu buseruko ari wo murwa mukuru wabo.

Isiraheli yigaruriye ako karere ko mu buseruko bwa Jerusalem mu 1967 mu ntambara yo mu burasirazuba bwo hagati, ikaba ivuga ko ico gisagara ari icayo kandi kitagabanije.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inyubakwa y'ibiro nserukiragihugu vya Amerika mu gisagara ca Jerusalem

Iyi ngingo ya Trump yo kwimurira ivyo biromu gisagara ca Yerusalemu yafashwe mu mwaka uheze.

Yahinduye umurongo Amerika yari isanzwe igenderako yo kutagira aho yegamiye muri ayo matati, no kuvavanura n'ibindi bihugu vyo kw'isi mu bijanye n'aho bihagaze kuri ico kibazo.