Marseille yipfuza kuja mu mateka muri "finale" ya Europa League

Payet yinjirije Marseille ibitsindo cumi uno mwaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Payet yinjirije Marseille ibitsindo cumi uno mwaka

Umukinyi mukuru wa Marseille Dimitri Payet ngo yipfuza ko umugwi wabo "wandikwa mu bitabo vy'amateka" mu gutsinda Atletico Madrid mu rukino rwa nyuma (finale) rwa Europa League.

Uwo mugwi wo mu Bufaransa washitse ubwa mbere muri "finale" mu 2005, igihe utsinzwe na Valencia mw'ihiganwa rya Uefa.

Umugwi Atletico wo mu gihugu ca Espagne umaze gutsinda iryo higanwa mu 2010 no mu 2012, kuva ico gihe ukaba umaze gutsindwa kabiri muri "finale" mw'ihiganwa rya Champions Legue.

"Turemera Atletico kubera ko uno mwaka yashoboye kutwereka ko ari vyukuri umugwi," niko Payet yavuze.

Uwo mukinyi wo hagati yigeze gukinira West Ham, niwe ibitsindo vyatumye Marseille itsinda Red Bull vyavuyeko mu gice ca kabiri.

Atletico yaramaze kwironkera itike ryo kuja mw'ihiganwa rya Champions League mu kurangiza La Liga mu migwi ine ya mbere, ariko Marseille igisigaje urukino rumwe rwa Ligue1, yohamvya Atletico mw'iryo higanwa aruko itsinze "finale" y'uno munsi mw'ijoro.

Ibindi bisa n’ibi