OMS ngo iri mu rugamba rwo kubuza ebola gukwira hose muri Kongo

OMS ngo ikora ibishoboka vyose ngo ebola ntirengane umuji wa Mbandaka Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption OMS ngo ikora ibishoboka vyose ngo ebola ntirengane umuji wa Mbandaka

Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, rivuga ko ryafashe ingingo ruhasha mu ntumbero yo gukumira ikiza ebola ngo ntigikwe hose muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo.

OMS itewe impungenge n'uko iyo ndwara ubu imaze gushika mu muji wa Mbandaka, ngo ariko ubu ifise ibikoresho n'uburyo bikwiye vyo guhandana na ebola.

Mbandaka iri ku ruzi Kongo, ikaba ari yo mpamvu hari impungenge z'uko urwo ruzi rwotembana uwo mugera gushika ku murwa mukuru Kinshasa, co kimwe no mu bihugu bibanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mbandaka iri ku ruzi Kongo, hakaba impungenge z'uko urwo ruzi rwoshikana ebola ku murwa mukuru Kinshasa no mu bihugu bibanyi

OMS ivuga ko iriko irakorana n'abasanzwe bafashanya nayo kugira bamenye vuba cane abantu bose bashobora kuba barabonanye n'abanduye muri uwo muji.

Iryo shirahamwe kandi ryiteguriye gukwirakwiza urukingo rukigeragezwa, rukenera kubikwa mu bubiko bukanye cane, ikaba ari ingorane itoroshe kuko umuyagankuba ugorana muri Kongo.