OMS ivuga ko ivy'ikiza ca ebola muri Kongo bitoroshe

OMS ivuga ko ivy'ikiza ca ebola muri Kongo vyunyutse Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption OMS ivuga ko ivy'ikiza ca ebola muri Kongo vyunyutse

Ishirahamwe rijejwe amagara kw'isi, OMS, rivuga ko ivy'ikiza ca ebola muri Republika Iharanira Demokrasi ya Kongo vyunyutse nyuma yo kwemezwa ko hari abanduye mu muji ukomeye.

Urugero bafatirako mu kwerekana uko ikibazo cifashe rwakuwe kuri 'hejuru' rushirwa kuri 'hejuru cane'.

Ishirahamwe ry'abagiraneza Medecins Sans Frontieres rivuga ko abo bikekwa ko banduye uwo mugera wica, bashizwe aha bonyene.

Uwo muji uvugwamwo ebola ni umuji wa Mbandaka uri mu buraruko bushira uburengero, umwe mu miji ikomeye muri Kongo utuwe n'abantu barenga umuriyoni.

Abandi bantu benshi banduye bavugwa mu muji wa Bikoro; hagati aho OMS ikaba iza gukoresha inama yihutirwa uno munsi.