Umusenyeri muri Australia yazize gukingira ikibaba abahohotera abana

Philip Wilson ashobora gupfungwa imyaka ibiri Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Philip Wilson ashobora gupfungwa imyaka ibiri

Sentare yo mu gihugu ca Australia ikurikirana umusenyeri akomeye w'umugatolika, ku caha co guhisha amabi ashingiye ku gitsina yakorewe abana mu myaza y'i 1970.

Philip Wilson, umusenyeri mukuru wa Adelaide, abaye umugatolika wa mbere wo ku rwego rwo hejuru akurikiranywe yagirizwa ico caha.

Sentare ivuga ko yapfukiye ayo mabi yakorewe abana b'abahungu b'abakorezi, yakozwe n'umupatiri bakorana ahitwa New South Wales.

Igihe yariko aciribwa urubanza yahakanye ko yigeze abwigwa ku bijanye n'uguhohotera abo bana.

Mw'itangazo ryasohowe na Ekleziya ku munsi wa gatatu, Wilson yavuze ko aciwe inkokora n'ingene urubanza rwagenze, ko agiye kuraba ingene yorukurikirana.

'Yashatse gukingira Ekleziya'

Mu kwezi guheze, Wilson yabwiye sentare ya Newcastle ko ata makuru afise ku bijanye n'ivyo padiri James Fletcher yakoze.

Fletcher yegetsweko ivyaha icenda vy'amabi ashingiye ku gitsina mu 2004, mu nyuma apfira mw'ibohero mu 2006.

Umwe mu bakorewe ayo mabi Peter Creigh yari umukorezi, yabwiye sentare ko yiganiye Wilson amabi yakorewe mu 1976, haheze imyaka itanu bibaye.

Umucamanza Robert Stone (hagati) ngo aremera ko Bwana Creigh yiganiye Wilson ko yakorewe amabi.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Umushingwamanza Robert Stone (hagati) ngo aremera ko Bwana Creigh yabwiye musenyeri Wilson ko yakorewe amabi

Umushingwamanza Robert Stone yahakanye ivyo Wilson yashikirije ko atibuka ko bavuganye n'uwo mugabo, avuga ko Bwana Creigh ari icabona co kwizera.

Uwo mupadiri arazi ko "ivyo yariko arumva ari ukuri ariko yashatse gukingira Ekleziya hamwe n'agateka kiwe", niko umushingwamanza Stone yavuze.

Uwundi yakorewe amabi atipfuje kumenyekana yabwiye sentare ko yashikirije amabi yamushikiye mu cemerezo afise imyaka 11.

Avuga ariko ko Wilson yamubwiye ko abesha, amusaba kuvuga Mwaramutse Mariya incuro 10 nk'impongano.

Abakorewe amabi bashimye ingene urubanza rwarangiye bamaze gushika hanze ya sentare.

Ibindi bisa n’ibi